Prezida Ndayishimiye atangazwa n’abarundi baguma barizwa n’ibitoro kandi aribo baguma bagura imiduga muma devise yoguze igitoro
Agira ati:”nkubu guhera muri ruheshi gushika muri Nyakanga,abarundi baguze imiduga 2580,mwibaze ibitoro zinywa kumusi.abo nyene baca baza kurira ngo nta bitoro kandi ama devise yokizanye bayaguze imodoka”.

Prezida Ndayishimiye avuga ko ubu abarundi basigaye bihutira kugura imiduga gusumba aho hambere bihutira kugura amazu.
Kimwe mu bituma habura ibitoro nuko abarundi bakomeje kugura imiduga bagakoresha ama devise yoguze ibitoro.
Agira ati:”nkubu guhera muri ruheshi gushika muri Nyakanga,abarundi baguze imiduga 2580,mwibaze ibitoro zinywa kumusi.abo nyene baca baza kurira ngo nta bitoro kandi ama devise yokizanya bayaguze imodoka”.
Ibi akaba yabishikirije kuri uyu wa 19 nyakanga 2025 mu gihe yariko ashikiriza musitanteri mushasha wa komine mugere Adélaïde Hatangayo.
Ivyo prezida Ndayishimiye avuga n’uguhuma amaso abanyagihugu kuko ikibazo c’igitoro kizigamitswe n’a n’akarwi ko muri CNDD-FDD mbere na Ndayishimiye arimwo.
Kuko biragoye gutahura ingene imyaka isaga 4 igihugu kiri mu kibazo c’igitoro kandi hari indongozi zitwa ko zikunda igihugu.
kira noneho prezida Ndayishimiye yariyemereye ko ikibazo c’igitoro acifatiye mu ntoki.none vyankiye he?niwe akwiye kubibazwa





Recent Comments