Umuririmvyi yamamaye cane ndetse biboneka ko ariwe muririmvyikazi w’umurundi aba muri America afise aba fans benshi ” Aline Vyuka ” ubu agiye kuzunguruka ibisagara vyaha muri America akora ibiteramo vyerekeye na Album yiwe nshasha aheruka gushira kumugaragaro yahaye izina rya ” Ni salama ”
Uno muririmvyi aho yaganira n’Ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” Aline Vyuka yavuze ko ama Tour yimirije gukora ko azoyakorera mubisagara bitandukanye bivanye naho bagiye baramutumira.
Aline Vyuka yagize ati : Tours nzozikorerera muma state atandukanye bivanye naho bantumiye, aho uno muririmvyi yabazwa n’umunyamakuru wa UBM News ico yoba yipfuza kubwira aba fans biwe , we yavuze ko aba fans boza kumushigikira ndetse bagakomeza kumushira mumaboko y’Imana.
State noba ngiyemwo nimba baba bahari canke bahegereye boza kunshigikira ariko icambere Ni kunsengera kugira ibikorwa vyanje bitere imbere kuko ugusenga niyo nguvu y’umukristo harimwo kunesha.
Recent Comments