Thursday, September 21, 2023
No menu items!
HomeNewsAline Vyuka agiye kuzunguruka ibisagara bikomeye vyaha muri America akora Ibiteramo !

Aline Vyuka agiye kuzunguruka ibisagara bikomeye vyaha muri America akora Ibiteramo !

Umuririmvyi yamamaye cane ndetse biboneka ko ariwe muririmvyikazi w’umurundi aba muri America afise aba fans benshi ” Aline Vyuka ” ubu agiye kuzunguruka ibisagara vyaha muri America akora ibiteramo vyerekeye na Album yiwe nshasha aheruka gushira kumugaragaro yahaye izina rya ” Ni salama ”

Aline Vyuka Tour

Uno muririmvyi aho yaganira n’Ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera muri Leta zunze ubumwe za America ” UBM News ” Aline Vyuka yavuze ko ama Tour yimirije gukora ko azoyakorera mubisagara bitandukanye bivanye naho bagiye baramutumira.

Aline Vyuka yagize ati : Tours nzozikorerera muma state atandukanye bivanye naho bantumiye, aho uno muririmvyi yabazwa n’umunyamakuru wa UBM News ico yoba yipfuza kubwira aba fans biwe , we yavuze ko aba fans boza kumushigikira ndetse bagakomeza kumushira mumaboko y’Imana.

Aline-Vyuka-Front-Image

State noba ngiyemwo nimba baba bahari canke bahegereye boza kunshigikira ariko icambere Ni kunsengera kugira ibikorwa vyanje bitere imbere kuko ugusenga niyo nguvu y’umukristo harimwo kunesha.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments