UBM News ads
Friday, December 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Aline Vyuka afise uwo bakundana, murabe hano wongere umenye n’impanvu adakunze kumwerekana ngw’abantu bose bamumenye.

Nyuma Yo kubona ko abakobwa benshi b’abarundi baba hano muri America iyo bafise abakunzi baca bakora uko bashoboye kwose kugirango bavyerekane abantu bose babimenye, UBM News twashimye kuganira numwe mu baririmvyi bakunzwe cane tumubaza impanvu we atabikora.

aline vyuka

Abenshi mu bakobwa iyo bafise abakunzi ( Fiance canke se Boyfriend ) bahita babashira kuri Facebook canke ahandi hantu hose kugira abantu babibone ariko umuririmvyikazi ” Aline Vyuka ” ntanumusi turabona abikoze, UBM News rero nkuko irico kinyamakuru ca mbere kibazanira inkuru zigezweho zaba STAR b’abarundi baba hano muri America , twashimye kumubaza impanvu atabikora ndetse ko yoba afise uwo bakundana.

Mu kiganiro yagiranye natwe hano kuri www.ubmnews.com, uno muririmvyikazi yavuze ko afise uwo bakundana ariko ngo Kuba ufise uwo bakundana ngo ntibisigura ko aca amugira impuzu kuko impuzu niyo wambara ngw’abantu bose bakayibona.

aline vyuka

Aline Vyuka yagize ati : Kuba ufise boy friend canke girl friend ntibisigura ko uca umugira impuzu kuko impuzu niyo wambara abantu bose bakayibona ni kweli icokibazo kirahari kubantu benshi kandi jewe sindabikunda kuko Ni bimwe usanga umengo abantu bari m’umahiganwa, Ni vyiza ko abantu bamumenya ariko bari hafi siyo umuntu wese aca amenya ivyawe vyose, Jewe ndamufise kandi Imana niyo ipanga ibisigaye navyo turindiriye ivyo Imana izodupangira twe n’umukunzi wanje.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments