UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

”Alida Baranyizigiye ” kuba afise ijwi ryiza kandi akongera akagira ubwiza burengeje biri mu bituma video ziwe zikundwa cane ” Aba fans biwe nibo bavyivugiye.

UBM News ads

alida 3

Nimba utaruzi ko ”Alida baranyizigiye ” yuko ari umwe mu baririmvyikazi b’abarundi bashoboye ndetse bafise ubuhinga bwo kuririmba , uno munsi twashaka ubimenye, uno muririmvyikazi arashoboye ndetse indirimbo ziwe zirakunzwe cane, ivyo rero bikaba vyibonekeza mu ndirimbo yiwe nshasha aheruka gushira kumugaragaro aho yakunzwe n’abatari bake ndetse bamwe banayivugaho vyinshi.

Nkuko Ikinyamakuru ca mbere c’abarundi gikorera hano muri America ( UBM News ) twama tubigenza, burigihe cose duhora turaba indirimbo y’umuririmvyi asohoye ukuntu iba yakunzwe, ubwo ku ndirimbo nshasha ya ” Let it Go ya Alida ” bamwe mubo twashoboye kuganira baratubwiye ko bayikunze gose ikindi naco ngo bo bakunda indirimbo zuno muririmvyikazi bivanye nuko usanga zikozwe neza cane , icongeyeko naco kidasanzwe ngo n’uwuziririmba ngwasanzwe fise isura iryoshe kuraba kuri Video bityo ngo kuba asa neza ngo navyo vyoba biri mubituma video ziwe zikundwa na benshi.

alida 1

Umwe yagize ati : Ariko namwe mureke kubaza ibintu mubona, unva ijwi ryiwe ukuntu rimeze neza, raba ubwiza afise honyene nawe uce umbwira ukuntu i video asohora ko zoreka kudakundwa, je nanka kukubesha indirimbo ziwe ndazikunda kandi nvugishishije ukuri ndabona afise ubwiza burengeje.

Nyuma yo kunva ico abakunzi biwe babivugako, UBM News twahise turondera uno muririmvyikazi tumubaza ico nawe abivugako, nimba we abona ko ubwiza afise yuko bwoba buri mu butuma video ziwe zikundwa, aho kunyishu yaduhaye yavuze ko ubwiza buba kumutima kandi ngo ababona ko ari mwiza ngw’arabashimira , ikindi naco yavuze ko video ziwe kuza zikoranye ubuhinga ngo nivyo vyoba bituma bazikunda.

Alida yagize ati : Hahahahhha ubwiza buba kumutima….ababona kondimwiza ndabashimiye ariko vidéo ibanziza kubera ubuhinga ikoranye sukubera ukumuntu abasa.

alida

Raba immwe muri Video aheruka gushira ahabona ” Let it Go

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments