Alfred Hakizimana yatunganije ihiganwa Miss Ngoma yaraye ahagaritswe n’igipolisi kuri uyu wa mbere.

0

 

Alfred Hakizimana yaridogewe cane n’abo bigeme ko atashikije ivyo yemeye. Ubuheruka akaba yari yanidogewe na Buramatari w’intara ya Gitega, avuga ko yahemukiye intara.

Abo bigeme bakaba baritwariye uwo yatunganije iryo higanwa mu butungane kuko bavuga ko ubushimwe bwose bemerewe harimwo imodoka nshasha ariko ntiyatanzwe nayo. Alfred Hakizmana  akaba yaguma avuga ko uwo mu mukobwa yabaye uwambere atamodoka azi gutwara ko yobanza akayiga kuyitwara.

Eka na Venant Manirambona, Bulamatari w’intara ya Gitega aho iryo higanwa ryabereye, yarashavuriye abo bateguye iryo higanwa inyuma yogutanga ubushimwe intara ya Gitega yemereye abo bigeme.