Inyuma y’imishamirano yabaye hagati y’abaporisi n’abanywanyi b’umugambwe MSD bo mu gisagara ca Bujumbura ku munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi, Reta y’Uburundi yasohoye umutahe wo guhagarika umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije, naho n’igiporisi c’Uburundi naco kiri mubadomwako urutoke kuba cararenze amategeko agenga agateka ka zina muntu nya munsi.
Mu gihe bari mu bikorwa vyo gutunganya umunsi bise “journee porte ouverte”, ibikorwa vyari vyatumiwemwo abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi kuri uno munsi wa gatatu, igenekerezo rya19 Ntwarante uyu mwaka, mu ntumbero yokwerekana uruhara rwa buri muntu wese mw’iterambere ry’igihugu biciye mu migenderaniye isanzuye, ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bwagarutse ku migumuko yabaye kw’igenekerezo ya 8 Ntwarante 2014, yatumye n’amakungu anegura ivyabaye muri iyo migumuko, haba ivyakorewe abari mu mugambwe MSD, canke abakenyezi bahurikiye mu mugambwe UPRONA bari mw’ishirahamwe UFB ryegukira uwo mugambwe.
Albert Nshingiro umunyamabanga ntayegayezwa muri ubwo bushikiranganji yaserukiye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu avuga ko Reta y’Uburundi inegura inyifato ya bamwe mubayoboke b’umugambwe wa MSD harimwo n’umurongozi w’uwo mugambwe Alexis Sinduhije. Reta y’Uburundi ikaba inegura kandi n’inyifato yamwe mu mashiramwe ataho yagamiye mu vya poritike yashigikiye imigumuko yabaye, mu gihe iyo migumuko yariko iradurumbanya imutekano w’igihugu. Ayo mashirahamwe agasabwa kugumana inyifato ataho yagamiye, maze aharanire kwumvikanisha impande zose.
Kubijanye n’amasasu yarashwe mu ngoro y’umugambwe MSD yahitanye ibitari bike, ndetse harimwo n’abantu bakomeretse rwose, Ambassadeur Albert Nshingiro avuga ko igiporisi c’Uburundi cakoresheje inguvu zishoboka, mu kurekuza bagenzi babo bari bafashwe mpiri n’abayoboke ba MSD, kuko ibiganiro bitari bigishoboka hagati y’izo mpande uko ari zibiri. Kubw’iwe, igiporisi c’Uburundi cakoze akazi categerezwa gukora mu kugarukana umutekano.
Kubivugwa naho ko ishirahamwe mpuzamakungu ryishinze gutabara imbabare “ Croix Rouge” ryoba ryarankiwe kwinjira gutabara abari bakomeretse igihe igiporisi cariko gitana mu mitwe n’abayoboke ba MSD, umuyobozi mukuru mu giporisi, Andre Ndayambaje yabibeshuje, avuga ko Croix rouge yaje gutabara itevye kuko abakomeretse bari bamaze gutwarwa kwa muganga n’abandi. Akavuga ko bamwe batwawe kwa muganga n’imiduga y’ishirahamwe PNUD, abandi nabo batwarwa n’imiduga y’abamenyeshamakuru yari yaje gutohoza inkuru.
Alex Sinduhije ” uwu mubona hano kwi foto !
Iyo migumuko yatumye na bamwe muba porisi bagirwa imbohe n’abayoboke ba MSD, ikaba yegekwa ku mukuru w’umugambwe wa MSD, Alexis Sinduhije. Reta y’Uburundi ikaba yaciye isohora umutahe wo guhagarika umukuru w’umugambwe MSD, Alexis Sinduhije.
Mukamenya ko uwo mutahe wasohowe, kugira Sinduhije arenguke imbere y’ubutungane abazwe ivyo yagirizwa vyose, naho gushika ubu atawuzi irengero ryiwe, kuva imigumuko yo kuwa 8 Ntwarante yabereye ku ngoro y’umugambwe arongoye ibaye. Ndetse uwaserukiye ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, akaba yasavye umurundi canke umunyamahanga wese yoba ariko afasha Sinduhije Alexis mu kumunyegeza, ko yomutanga, kugira aseruke imbere y’Ubutungane, abazwe ivyo yagirizwa.
Recent Comments