Alexis Sinduhije yemeje ko arikumwe n’ikiroberi co guteza intambara ikomeye mu Burundi

0

Mu gihe i Bujumbura abatari bake mu batavuga rumwe n’Ubutegetsi bari mu Biganiro bibahuza n’Ubutegetsi, Alexis Sinduhije abicishije ku Mboneshakure y’abafaransa France 24 yamenyesheje ko umugambi uhari ari uwo gukura Pr. Petero Nkurunziza uko bigenda kwose.

a-sinduhije-au-sic3a8ge-du-msd

Muri ico kiganiro yatanze yamenyesheje ko imirwano iriko iraba mu Burundi ari intango y’iyitari mike ishobora kuba mu gihe Pr. Petero Nkurunziza atorekura igihugu, akaba kandi yongeyeko ko nivyaba ngombwa ko batanga ubuzima bwabo buzotangwa kugira bakingire igihugu.

Yabajijwe ko yoba arikumwe n’Aba General bariko baratera i Burundi akaba yemeye yongerako ko ico atarico kibazo ahubwo ikibazo ari uko Nkurunziza yokinjura.