Alexis Sinduhije, umukuru w’umugambwe MSD yavuye mu gacere yari mazemwo iminsi kuva habaye imishamirano hagati y’abaporisi n’abanywanyi ba MSD. Alexis Sinduhije araremesha abanywanyi biwe ko akiriho, kandi ko atarota ahagarika ibikorwa vya poritike imigambi yiwe itagiye mu ngiro.
Mu kiganiro Alexis Sinduhije yatanze ku bameyeshamakuru yamenyesheje ko asangiye umubabaro n’abanywanyi ba MSD (Mouvement pour la Solidarité et la Démocratie) bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, hamwe n’abandi banyeporitike bose bapfunzwe bahorwa ivyiyumviro vyabo. Alexis Sinduhije yahojeje imiryango y’urwaruka ruri mu mvuto, akamenyesha ko azobandanya ibikorwa vya poritike mpaka akarenganyo n’agacinyizo biheze mu gihugu.
Alexis Sinduhije arongoye umugambwe MSD
Nk’uko yabandanije abimenyesha, ntatinya ko n’amaraso yiwe yoseseka namba yofasha igihugu kuva mu ntwaro y’umukazo, igiturire, ubusuma, akarenganyo n’ubugunge ariteguriye gupfa kugira abanyagihugu baruhuke ku mutima. Alexis Sinduhije yahamagariye ahubwo n’abandi banywanyi b’umugambwe CNDD FDD ko bokwifatanya nawe mu gukomeza ubutegetsi butwarira bose, kuko ku bwiwe, igihugu ntikizingamitswe n’aba CNDD FDD bose, ariko ni akarwi k’abantu bari ku rushi.
Recent Comments