Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsAlbum y'Indirimbo nshasha ya Kabura Erickson n'abarundi benshi bayikeneye cane ariko........ !

Album y’Indirimbo nshasha ya Kabura Erickson n’abarundi benshi bayikeneye cane ariko…….. !

Kabura Erickson ni umuririnvyi w’umurundi aba hano muri Leta Zunze Ubumwe za America ( Lansing Michigan ) kandi akaba azananye inguvu nyishi cane muruwo murimo w’Imana wo kuririmba indirimbo za Gospel aho i CD ya Album yiwe yambere aheruka kuririmba ubu iza iri kumugaragaro.

Erickson

Nivyukuri ino CD iraryoshe kunviriza bimwe birenze urugero, ninaco gituma vyaba vyiza uyiguze nawe ukiyunvira uko bimeze kuko niwateba uzohava usanga abandi baza barazimaze.

Album yino CD yahawe izina rya ( AMUWA ) kandi ikaba igizwe n’indirimbo cenda, Umuziki wavugijwe mundirimbo hamwe n’ubutumwa buri murizo bituma abantu benshi batandukanye baguma bashakisha uburyo babona ino CD.

Erickson-Amuwa

Umunyamakuru wa UBMNews yagerageje kuganira numwe arongoye MGM Studio yahinyanyuye izo ndirimbo kugirango atubwire vyinshi vyerekeye iyo CD aho mumajambo make yagize ati :

I CD ubu iza iri kumugaragaro kandi igiciro cayo kirazimbutse cane kuko imwe idadanzwa ama Dollar $ 10 yonyene kandi umuntu wese aho atuye ashobora kuyironka kuko ubu turiko turagerageza kuzikwiragiza mubisagara abarundi bose babamwo hano muri America.

Kubipfuza kuronka ino Album mushobora guterephona bano bantu !
Nimba uba muri Michigan, Telephona ” Kabura Erickson kuri : (517)-980-1607
uba Hano muri Dallas Texas, Telephona ” Methuselah Nzisabira kuri : ( 469 )-554-5068
Uba muri San Antonio Texas, Telephona ” Witness kabura kuri : (210)-291-4952
Ari ikibazo cihuta cane, andikira umunyamakuru wa UbMNews kuri ” eric@ubmnews.com

Kano kanya nyene hita ubahamagara kugirango uronke iyo CD iriko iragugwa cane nabarundi benshi baba hano muri Leta Zunze ubumwe za America. Posted by Eric Nyandwi

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments