Album ABAGENZI ya BOBONA yoba igeze he mu gukorwa?

0

Urukurikirane rushasha rw’indirimbo Bobona yise ABAGENZI rugeze kure mu gukorwa nkuko uyo muririmvyi umwanditsi wa AKAJAMBO yashoboye kubimenyesha ikinyamakuru canyu ubmnews.com mu kiganiro twagiranye kuri uno munsi igenekerezo rya 16/9/2015.

bobona

BOBONA akaba yatumenyesheje ko ari muri Studio aho ariko arakorana n’ibihangange nka IMANI pianiste,Jospino soliste hamwe na déo soliste kugira indirimbo zizoba ziri muri urwo rukurikirane zizoze zifise akanovera kadasanzwe.

bobona2

Uyo muririmvyi akaba yatumenyesheje ko urwo rukurikirane yise ABAGENZI rugiye kuja ahabona vuba.