Albert SHINGIRO:” Icegeranyo c’umunyamabanga mukuru wa ONU kirimwo ibinyoma”

0

Inyuma y’icegeranyo cashikirijwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres, uwuserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU amenyesha ko ico cegeranyo kirimwo ibinyoma.

Kubwa Albert SHINGIRO aserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ico cegeranyo canditswe hisunzwe ivyashikirijwe na Jamal Benomar afise intumbero yo kwihora Uburundi kuko bwerekanye ko budashigikiye ko agira uruhara mu gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP rimenyesha ko Albert SHINGIRO yavuze ko atewe impungenge no kuba umunyamabanga mukuru wa ONU ashimikira ku biringo vy’umukuru w’igihugu.

Albert SHINGIRO avuga ko bidatahuritse ingene mu bindi bihugu vya Afrika n’ahandi abakuru bibihugu babandanya gutwara ibihugu batisunze ibiringo, ariko mu Burundi bakabihagararako cane.