Alain Guillaume BUNYONI yatanguje igikorwa c’ukwaka ku nguvu ibirwanisho

0

Ico gikorwa c’ukwaka ku nguvu ibirwanisho abanyagihugu batuze batabifitiye uruhusha catanguriye muri karitiye ya Mutakura, kuri uwu w’Imana.

Buny

Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano w’Uburundi niwe yatanguje ku mugaragaro ico gikorwa mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, karitiye ya Mutakura, ahari hamaze iminsi humvikanira amasasu menshi n’amagerenade. Aho ku Mutakura nyene niho haheruka kugandagurirwa abantu indwi, harimwo na Welly Fleury NZITONDA, umuhungu wa Petero Karaveri MBONIMPA.

Umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko ico gikorwa kizoba mu mutekano n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu. Alain Guillaume BUNYONI yemeza ko inzego z’umutekano zizokoresha ibikoresho vy’ubuhinga bwa none zahawe.

Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abaporisi bazindutse ari benshi kw’ibarabara rigabura Mutakura na Cibitoke. Abanyagihugu batekewe n’ubwoba, bamwe babandanya guhunga, abandi nabo bakaba baguma mu mazu, mu kurindira ico inzego z’umutekano ziza gukora.