Alain Guillaume BUNYONI: Ngo muminsi itarenze 4 umuntu wese azobe yamaze gusubiza Ikirwanisho.

0

Alain Guillaume BUNYONI ngo muminsi itarenze 4 umuntu wese azobe yamaze gushikana ikirwanisho atunze bidaciye mumategeko ngo kuko n’imba ataruko azocakwa kungumvu ngo kandi ntaho afise azokwitwara haba muri sentare canke ahandi ivyo akaba arivyo yavuze mukiganiro yahaye abamenyeshamakuru bo kwi Radio nkuru y’igihugu.

10

Alain Guillaume BUNYONI akabandanya avugako abo bantu bose birirwa baricwa ngo kwari ivyo birwanisho biri mubanyagihugu biguma bigandagura abene gihugu b’uburundi, ataco bazira aho naho tukaba twoca twibaza ibibazo bitari bike mbega umunyagihugu yoba asigaye agandagura uwundi munyagihugu babana? mbega ko abakora ayomabi yose ari ababa bambaye imyambaro y’igipolisi hamwe n’iyagisirikare boba aba ari abanyagihugu?.

Alain Guillaume BUNYONI rero akaba yatanze isango itarenze itariki ya 23 zuku kwezi kwa gitugutu umwaka wi 2015 ko kuruwo wese azoba afise ikirwanisho gicira umuriro wese asabwe kuzoba yagisubije mu maguru masha.

Tworangiza tubamenyesha yuko iryo tangazo rya Alain Guillaume BUNYONI rije inyuma yirindi ryari ryasohowe nakizigenza Petero NKURUNZIZA aho we yashoboye kuvuga yuko umunyagihugu wese atazosubiza ico kirwanisho munyuma azoca afatwa nkumwansi w’Igihugu.