Alain Aimé Nyamitwe : « Uburundi Bwarashoboye Guca Ku Ruhande Ibihano Vy’Ubumwe Bwa Buraya ».

0

Mu Kiganiro abashikiranganji bane b’Uburundi bagiranye n’Abashingamateka ejo ku musi wa gatatu itariki 28 Ruheshi 2017 aho bishura ku bibazo babajijwe, Umushikiranganji w’imigendaranire Alain Aimé Nyamitwe yaramenyesheje ko Uburundi bwashoboye gukwepa ibihano vy’Ubumwe bwa Buraya ku Burundi mu kwishiriraho umugambi wo kwifatanya n’ibindi bihugu kwisi navyo vyagirizwa guhonyanga agateka ka zina muntu, nk’Ubushinwa n’Uburusiya.

Alain Aimé Nyamitwe avuga ati : « Ivyo bihugu uko ari bibiri biratwerekla uko twokwepa ibihano vy’Ubumwe bwa Buraya”. Yafashe ako kanya nyene ko kuremesha abavuga ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ububiligi atari myiza, araremesha ko iyo migenderanire ari myiza, uretse gusa ko imigenderanire atari myiza hagati ya Leta y’Uburundi n’Ishitrahamwe ry ‘Ubumwe bwa Buraya.

Naho biri ukwo, Aimé Nyamitwe aramenyesha ko ubumwe bwa Buraya Bwabandanije bufasha uburundi mu mice itandukanye nko mu bijanye n’amagara y’abantu, ivy’umuyagankuba nibindi. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye nawe yamenyesheje ko ‘ihonyabwoko, ibigwanisho vy’ubumara hamwe nibibazo bijanye n’agateka ka zina muntu bikunze gukoreshwa n’Ubumwe bwa Buraya kugira bwikureko abategetsi bamwe bamwe b’ibihugu bimwe bimwe’. Yaramenyesheje ko uwo mugambi wakoreshejwe ku Burundi ariko biranka kubera ko ngo Uburundi buri munsi y’ ‘Ukuboko kw’Imana’.


Ibindi abo bashikiranganji bavuze ni icoba catumye imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu kibanyi c’Urwanda itosekara, ikibazo kijanye n’ibiganiro bihuza abarundi, ikijanye n’ivyegeranyo bikunze gukorwa ku Burundi, ibijanye n’amasezerano Uburundi bwagiye buragiriranira n’ibindi bihugu.

Ku bijanye n’itosekara ry’imigenderanire myiza hagati y’Uburundi n’igihugu kibanyi c’Urwanda, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aimé Nyamitwe ashikiriza ko atakindi vyavuyeko atari uko Urwanda rwarengeye Uburundi mu gufasha abashatse gutembagaza ubutegetsi.

Umushikiranganji Alain Aimé Nyamitwe yamenyesheje kandi ko ibibazo Uburundi bwagiye buracamwo muri iyi myaka ibiri iheze ko kenshi vyavuye ku gusamara kwa Leta y’Uburundi mu gutera imikono ku masezerano yagiye iragiriranira n’ibindi bihugu aho ngo usanga Uburundi bwarihuse kwemera ivyo butazoheza ngo bushobore.

Nayo ku kibazo kijanye n’ibiganiro bihuza abarundi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye amenyesha ko ivyasabwe n’abarundi ko Leta y’Uburundi izobishira mu ngiro agaheza agahamagarira umuhuza Mkapa ko yozana ivyo yoba yarakuye mu biganiro vyabereye i Arusha maze bibone kwunganira ivyo abarundi bashikirije CNDI gutyo uku kwezi kwa Ruheshi turiko turangiza kuze guhere vyasozerewe nk’uko na Mkapa ubwiwe nyene yari yavyipfuje.

Mu gihe abo bashikiranganji babona ko ivyegeranyo bikunze kugirwa ku Burundi usanga ari amarementanya, Honorable Rwasa Agathon asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka abona ko hari ibiba mu Burundi maze bigatuma Uburundi bugira ishusho itabereye mu makungu aho yatanze akarorero k’itunganywa ry’imigambwe, maze aboneraho gusaba ko vyosubira gutunganywa neza.