UBM News ads
Sunday, December 10, 2023
No menu items!
UBM News ads

Al Shabab umugwi w’intagondwa waba Islam ukomeje kwica abantu muri Kenya

Iyicwa ry’abantu 28 bari muri bisi muri Kenya n’agasomborotso ko kurondera gutanguza intambara y’amadini, nk’uko umujenama mukuru w’umukuru wa Kenya Uhuru Kenyatta yabibwiye BBC.

Abdikadir Mohammed yasavye abenye Kenya b’madini yose guhagurukira rimwe mu kwanka ubwo bwicanyi butagira izina.
Mohammed yabwiye BBC ati: ”Ico bashaka n’ugutera intambara hagati y’aba Islam n’abatari bo muri iki gihugu”.
”Ico bashaka n’ugutera intambara ishingiye ku madini muri Kenya”.


Aba Al Shabab bavuga ko ico gitero ari ukwihora kw’isakwa inzego z’umutekano zimaze iminsi zigira ku misigi i Mombasa

”Indongozi z’aba Islam nyinshi biyanirije bivuye inyuma ubwo bwicanyi zisaba abanye Kenya b’amadini yose kwiyamiriza ubwo bwicannyi n’ababukora.
Ku wa gatandatu mu mutwenzi, abagabo bafise inkoho bo mu muhari al-Shabab wo muri Somalia bavuga ko bateye ibisi mu buraruko bwa Kenya bakica abantu 28.

Iyo bisi yariko iraja ku murwa mukuru, Nairobi,igihe yahagarikwa igeze mu karere ka Mandera, hafi y’urubibe rwa Somalia.
Abateye baciye basobanura abo bibasa ko atari aba Islam baca barabica , nk’uko bivugwa n’abategetsi hamwe n’ababibonye.
Al Shabab isanzwe imaze kugira ibitero muri Kenya kuva mu 2011,yavuze ko ariyo yagavye ico gitero.

Itangazo ryashizwe ku rubuga rwa internet rufitaniye isano n’uwo muhari rivuga ko ico gitero cakozwe mu kwihora isakwa rimaze iminsi rigirwa ku misigiti mu gisagara ca Mombasa kiri kw’ibahari.

Umwe mu bari muri iyo bisi,Ahmed Mahat, yabwiye BBC ko harimwo abantu barenga 60 igihe yaterwa,mu mutwenzi wo ku wa gatandatu,ku birometero nka 30 uvuye mu gisgara ca Mandera.

alsh

Umushoferi yagerageje kunyaruka, iriko imodoka yaciye ishaya mu vyondo vyavuye ku mvura nyinshi,nk’uko yavuze. Abagabo bashika 10 bafise ibigwanisho bavuga igi Somali baciye bategeka abantu kuva muri iyo bisi.

Mahat avuga ati ”tumaze gusohoka, baciye badusobanura, aba Somali ukwabo, abatari aba Somali ukwabo”
Abatari aba Somalia baciye bategekwa gusoma imirongo ya Koroani, abananiwe gusoma baca bategekwa kuryama hasi.Umwumwe umwumwe bacuye baraswa mu mutwe basa n’abatiweko inkoho”

Croix Rouge yo muri Kenya ivuga ko 28 kuri 60 bari muri iyo bisi bishwe, abagabo 19 n’abagore 9.
Abategetsi ba Kenya bavuga ko bariko barahiga ababikoze kugira babashikane imbere y’ubucamanza.
Ubushikiranganji bw’inwtaro yo hagati mu gihugu buvuga ko ikambi y’abo bateye yasambuwe na kajugujugu n’indege z’intanbara z’igisirikare ca Kenya, ”benshi bakaba bahaguye”

Sources : BBC

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments