UBM News ads
Sunday, October 1, 2023
No menu items!
UBM News ads

Akwereka urukundo, Akagukorera ivyiza vyinshi cane ariko igitangaje wewe ntumukunda, Menya impanvu ibitera hamwe n’ikintu woca ukora.

UBM News ads

Nta wundi mukunzi ufise, ariko ufise umuntu agukunda cane ndetse yama abikubwira burigihe. Aragusohokana ndetse akaguha ibintu vyinshi vyiza, burigihe yama agukorera ivyiza gusa, akakuba hafi ndetse akanagufasha mu bibazo vyawe vyose.

Ubiravye ubona ari umwana mwiza, agira umutima mwiza kandi bene wanyu bose baramuzi kandi baramukunda. Wewe ubwawe niwe utamukunda, ugerageza no kumwishiramwo bikanka, wumva umukunze nk’incuti isanzwe ariko kumufata nk’umukunzi no kumugirira rwa rukundo rubayabaye bikanka.

Iyo murikumwe ntumwibonamwo naho agukorera ivyiza vyinshi ariko ntagaciro ubiha kuko umufata nk’umuntu usanzwe, Iyo umwiyunviriyeko umuravye ntabwo umubona nk’umukunzi wukuri agukwiye wipfuje kuva kera, bigatuma utamukunda cane nkuko vyategerezwa kuba. Ese wovyitwaramwo gute? kuvyukuri ibi birabaho kandi si wewe wenyene vyoba bibayeho. Urukundo niko rumeze, rimwe na rimwe ruza aho rushatse ndetse harigihe ruba nk’ impumyi. Iciza wokora nuko womuha umwanya akakwereka urukundo rwiwe buhoro buhoro, utavyitsindagiyemwo, utabishizemwo inguvu kuko bizizana aho uzosanga umukunda cane!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments