Akabare k’uwahora ari Musitanteri wa Cibitoke katewe

0

Amakuru ava muri zone ya Kamenge amenyesha ko abantu bataramenyekana bateye akabare ka Emmanuel NIYONGABO, yahora ari Musitanteri wa komine Cibitoke. Umuntu umwe niwe yaguye muri ico gitero.

bolingo

CIZA Bernard, umukuru wa karitiye ya Gituro yabereyemwo ico gitero amenyesha ko abateye ku kabare kazwi kw’izina rya « Bolingo ya Sasa » baje nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, batera amagerenade yakomerekeje abantu umunani, umwe muribo ahava yitaba Imana aho yariko aravurirwa kwa muganga.
Umuntu umwe akaba ariwe yafashwe muri iryo joro nyene, ku mvo z’amatohoza.

Ako kabare « Bolingo ya Sasa » ko mu Kamenge k’uwahoze ari Musitanteri wa komine Cibitoke gatewe inyuma y’aho ako yari afise mu Cibitoke, kazwi kw’izina rya « Kata Mti Panda Mti » Emmanuel NIYONGABO akugaye, imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA igitangura.