Umuririmvyi azwi kw’izina rya Aimee Mugabonihera k’umusi w’ejo igihe c’isaha zibiri z’ijoro niho yashika mu Burundi avuye muri America igisagara ca Chicago, aje gukora biteramo mu ntara 5
Aimee-M yamenyekanye cane ku ndirimbo abantu bagizemwo ibibazo vyinshi yise “Love Nyoko”, yatashe mu gihugu ciwe c’amavukiro aje gukora ibiteramo mu ntara zitandukanye nkuko yabivuze ku kibuga c’indege agishika. Murivyo biteramo azoshobora kuzokorana na Kidumu nkoku abishikiriza. Aimee afise urukurikirane (Album) 2 aho murizo harimwo indirimbo yataziriye : “Akajambo ” yari mu ndirimbo 20 muri Isanganiro Award uyu mwaka wi 2014. Twobamenyesha ko ikirangamisi (calendrier) yivyo biteramo iteguwe uku gukurikira:
-Igenekerezo rya 16/08/2014, igiteramo mu ntara ya Ngozi.
-Igenekerezo rya 17/08, igiteramo mu ntara ya Muyinga.
-Igenekerezo rya 23/08, igiteramo mu ntara ya Bujumbura.
-Igenekerezo rya 31/08, igiteramo mu ntara ya Gitega.
Mu biteramo vyose azogira ahatandukanye azoba ari kumwe na baririmvyi batandukanye mubo tumaze kumenya neza ni Dog A, Bigi seven hamwe n’abandi bamaze kubaka izina.
Aime-M atashe mu gihugu ciwe yatayemwo uruzogi mu gihe yaramaze imyaka irenga 12 aba mu mahanga kubera ingorane z’intambara igihugu c’Uburundi cagize.
Sources : Afrifame
Recent Comments