Nubwo hano muri Leta zunze ubumwe za America abaririnvyi bacu dufise b’abarundi bazi kuririmba, yamara ngo haracariho vyinshi bakwiye gukora kugirango indirimbo zabo zikomeze gutera imbere ndetse zinakundwe cane.
UBM News nkuko arico kinyamakuru ca mbere gikunzwe cane gitanga amakuru y’abarundi bose baba hano muri Leta zunze ubumwe za America , twagerageje kuganira numwe mu baririnvyi afise indirimbo zikunzwe cane hano ( AIME M ) kugirango tumubaze ico abona ko cokorwa n’abaririnvyi baba hano kugirango babashe gutera imbere cane.
kubwiwe yavuze ko benshi mu baririnvyi yuko bakora indirimbo kugirango bamenyekane gusa ariko ico abona ngo nuko abaririnvyi bari bakwiye kwiga kwanza ibintu abantu bakunda ubwo akaba arivyo baririmba mu ndirimbo zabo.
Aime M yagize ati : ” kubwanje iyo nkoze indirimbo, ndaba ko abantu bakuze boyumviriza bakayishima, mugabo umengo kuri benshi bakora kugira gusa baronke publicity, kandi jewe natanguye gukora indirimbo z’ikirundi kubera abantu benshi bambarira ko bazikunda rero nibaza ko tubanje tukiga ivyo abantu bakunda kandi bibateza imbere nibaza ko twoshika na kure,kuko ntanumwe yahereye hejuru.
Recent Comments