UBM News ads

Aho umworo yanikiye,ntibwuma

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Aho umworo yanikiye ntibwuma. Mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire muri iyi ndwi turangije,aho havugwa uko imigenderanire yofasha mu bisata bitandukanye , inkuru yahavugiwe ni ukuntu isoko abarundi bari biteze y’amavoka i Dubai igihugu ca Kenya cayitwaye, ikiro c’ivoka ni 4,5$ iyindi yo muri île Maurice igihugu c’urwaruka carayitwaye aho ikiro ni 6$.

None ko CNDD-FDD uherereye kuri Reveriyano ukaja Ku mukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE n’abandi bemereye abarundi ko igitoro kizoboneka bashoye ivoka bika vyumvikana ko amasoko ariko aratwarwa,ubwo si iyindi mvugo nshasha ko zatewe habura isoko ?

Ibiciro kw’isi bijanye n’ibitoro vyarakorotse, muga mu Burundi kiretse ko atanuwosaba ko bikoroka,ahubwo ubu niho kigeze kubura.
Ugereranije n’ibindi bihugu , uburundi umuntu yohava asanga buri Ku mu bumbe wabwonyene. Bufise umuvuduko canke umurindi ukomeye wo gusubira inyuma, igihugu kibura vyagombwa imyaka 5, bakanemanga ko bitagiye gutora umuti vuba, nivyo bemera ntihabe umukenyuro wo kubishikako, wumva iyo mbonakazoza izoshikwako gute ?

Uko biri kose , ibinyoma canke gukandamiza abantu sico cubaka igihugu, ukuri no kumva ko abandi boterera mw’iterambere Nico gikuru mu bihugu nk’ibi bitaratera imbere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments