Ahazohambwa Adolphe nshimirimana hamaze kumenyekana

0

Lt. Gn Adolphe Nshimirimana ngo ashobora guhambwa uno musi wa kabiri igenekerezo rya 18 canke kuwa Kane igenekerezo rya 20. Ivyo bikaba binuganurwa bakurikije uko ibikorwa vyose vyo kubaka imva yiwe biriko bigenda.

IMG-20150816-WA0058

Inyuma y’impari zitari nke z’aho azohambwa, Lt. Gn Adolphe Nshimirimana ngo bashimye kumuhamba impande y’akabare kiwe Iwabo n’abantu, kari mu kamenge.

Ibikorwa ngo kuva bitangura vyagumye vyihuta, ari naco gituma amatariki yo kumushingura agoye kuvuga. Abasanzwe bavukana na Lt Gn. Adolphe Nshimirimana ntibashima kugira ico bavuze ku musi w’ihambwa ryiwe.

Mwomenya ko iyo mva yiwe ngo yoba isa n’inzu iriko irubakwa kubera ata mwanya uhera imiduga itariko idugana umucanga n’ibindi bikoresho vyo kwubakisha.