Nyakubahwa umukuru w’igihugu cacu cu Burundi ( Petero Nkurunziza ) kuba yagirizwa ko ari mugacerere kuvyerekeye aho ahagaze kubijanye n’ikiringo co kwitoza ubugira 3 , umwe mubanyepolitike akomeye cane mu gihugu cu Burundi ( Agathon Rwasa ) amusaba ko yova mu gacerere akagira ico ashikiriza abarundi.
Kubwa Agathon Rwasa arongoye FNL yabigenga, ahamagarira Petero Nkurunziza ko yoshikiriza abarundi hamwe n’amakungu ko adategekanya kwitoza ubugira gatatu kandi akaba ariwe avyivugira atabanje gutuma abavugizi biwe.
Ngaha rero akaba afatira kuvyavugiwe mu gihugu kibanyi ca ( Congo ) aho perezida Joseph kabira aheruka kumenyesha ko ivyo kwitoza ubugira gatatu we yabivuyemwo.
Recent Comments