UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Agathon Rwasa yafashe ingingo yo kuzokwitoza ku giti ciwe, impanvu yabimuteye iri hano

Agathon Rwasa, umukuru w’umugambwe FNL yamenyesheje ko azokwitaba amatora ku giti ciwe yigenga , aho ndetse yasavye umurwi CENI usanzwe utegura amatora ko woreka kubakumira hamwe no guhonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu.

Nkuko vyasohotse mwitangazo riteweko umukono na Agathon Rwasa, we hamwe nabasanzwe bari muri FNL bavuga ko bafashe ingingo yo kuzitaba amatora yose bigenga, aho rero ninyuma yaho CENI yahora ivuga ko umugambwe wabo yuko utemewe n’amategeko bityo akaba ariyo mpanvu bahisemwo kuzokwitaba amatora yose bigenga.

Muriryo tangazo nyene ryasohowe na FNL , bo bahamagarira abanywanyi babo bose boba bakwije imyaka ishika kuri 18 canke iyirenga ko hageze igihe co kwiyandikisha bosidukana niyonka kugirango baze bitorere uwo bipfuza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments