Agathon Rwasa : ukugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu nivyo vyotuma amatora agenda neza.

0

Mu butumwa Nyenicubahiro Rwasa Agathon yatanze mu rurimi rw’icongereza kuri radiyo ijwi rya Amerika amenyesha ko atazokwitaba icitirirwa amatora gitegurwa na Nkurunziza afadikanije n’ico yitirira CENI . Nta matora ashoboka yigenga kandi arimwo umuco nk’uko Rwasa abimenyesha .

Agathon

Nkurunziza yategerezwa gusokora agahereza uwundi mu mugambwe wiwe , gutyo vyofashije mu kugarukana umutekano n’icuka ciza mu gihugu c’u Burundi .

AMATORA NTASHOBOKA BIKIRI UKU

Rwasa Agathon avuga ko Nkurunziza vyoba vyiza asokoye akabisa uwundi mu mugambwe wiwe CNDD-FDD , atari ivyo akaguma adadaza mu guhonyanga ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha ntituzomwihanganira .
Abafasha umugambwe CNDD-FDD babandanya basaba ko Nkurunziza yosokora hagatorwa uwundi yokwitoza mu mugambwe CNDD-FDD , kugira uwo mugambwe ubandanye amatora wisunze amategeko .

Ivyo Rwasa akaba abishikirije inyuma y’aho iyindi migambwe imenyeshereje ko itazokwitaba amatora ateguwe nabi kandi atigenga , ariko ategurwa na Nkurunziza mu guhamba ibwirizwa shingiro n’amasezerano ya Arusha .

Rwasa Agathon abandanya amenyesha ko ibihe u Burundi burimwo bidahumuriza ko amatora meza yigenga yokorwa , akanamenyesha ko abarundi bose batazokwitaba urwo rukino rwa Petero Nkurunziza n’ico yise CENI yiwe .

rwasa

ICOKORWA KUGIRA AMATORA ABE

Kugira hategurwe amatora yisunze ingendo ya démocratie , Rwasa abandanya ati :
“Dukeneye amatora meza yigenga kandi yubahirije amategeko ngenderwako mu gihugu c’u Burundi . Icokorwa rero , ni ukugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu kandi reta , akarere n’aberwa n’ibibazo vya politique mu Burundi bakaja hamwe mu kurondera umuti urama ku neza y’abarundi bose” .

Abatavuga rumwe na reta be n’abo mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politique barara ntibuca kubw’umutekano wabo , bivuye ku mirwi yigenza gisirikare igisibije ifashwe mu mugongo na reta ya Nkurunziza ( mu gihe Nkurunziza yasabwe kwaka ibirwanisho akica amatwi ) . Aha Rwasa aributsa ko abarundi 100.000 bamaze guta izabo kubera ububisha bw’iyo mirwi , abenshi bakaba bahungiye Tanzania no mu Rwanda .

KUVYEREKEYE CENI

Rwasa Agathon amenyesha ko twisunze ibwirizwa shingiro , ata CENI tugifise mu Burundi kuko babiri muri batanu bayigize barahunze kumvo z’umutekano . CENI rero igizwe n’abantu batanu batandukanye mu bwoko n’ibitsina , nk’uko ibwirizwa shingiro ribivuga .
Hakaba haheruka guhunga abapfasoni babiri muri CENI , ubu ikaba isigayemwo abantu batatu b’igitsina n’ubwoko bumwe ( ibiteye kubiri n’ibwirizwa shingiro ) .

Uwo murwi CENI rero ukaba udakwije ibisabwa kugira ukore nk’uko ibwirizwa shingiro ribivuga , hakaba hakenewe ishirwaho ry’uwundi murwi wigenga vy’ukuri kandi wotegura amatora yigenga kandi arimwo umuco .

KUVYEREKEYE IBIGANIRO NA RETA

Rwasa ati n’aho ibiganiro vyahagaze nta n’ibiganiro vyari bikenewe , ariko abatavuga rumwe na reta turiteguye kugira akigoro ko kuganira na reta n’aho bigaragara ko Nkurunziza kurekura ku cifuzo co kwitoza ubwa gatatu ahonyanze amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa shingiro .

Ati turabona ko reta ya Nkurunziza yiyemeje gukora ikintu cose ku nguvu , ari naco gituma aguma adadaza ku kiringo ca gatatu abarundi n’amakungu barorera akisabisha ibiganiro ngo akunde arabe ko yocikana ikiringo ca gatatu .