Agathon Rwasa : Reta y’imfatakibanza ntigikenewe mu Burundi ariko Igikenewe nuko Petero Nkurunziza yokinjura vyihuta.

0

Umunya Politike ashigikiwe nisinzi ry’abarundi benshi ” Agathon Rwasa ” Yavuye mugacerere yaramazemwo imisi agira ico ashikirije, aho ni mu gihe hari haciye Imisi atagira ico avuze kubiriko biraba mu Burundi.

rwasa

Agathon Rwasa Yasubiye Kwibutsa Abarundi hamwe N’amakungu Ku kibazo ca Manda Y’umukuru wigihugu ” Petero Nkurunziza, aho yavuze ko ar’ikibazo ca Barundi bose atari Ikibazo ca moko nkuko bigize Imisi bivurwa nigice gishigikiye Petero Nkurunziza.

Ku kibazo ci vyasabwe N’inama nkuru Ya EAC, Agathon Rwasa Yagize Ati: Reta yimfatakibanza ntigikenewe mu Burundi ariko Igikenewe nuko Nkurunziza Yokinjura mu matora agiye Kuba vuba.

UBM News tubibutse ko Agathon yiyamirije abavuga yuko ariko arakora Imyiyamamazo mu ntara Ya Ngozi asanzwe avukamwo ikindi naco twobibutsa nuko Petero Nkurunziza atitavye Inama yatumiwemwo n’abakuru b’ibihugu bigize EAC , Ivyo rero bikaba vyarateye amakenga Abakuru b’ibihugu bagize uwo muryango Kuko Yaba Petero Nkurunziza canke Willy Nyamitwe atanumwe yashoboye gutanga Insiguro itomoye yicatumye asiba.