Agathon Rwasa niwe wenyene akwiye gutwara Uburundi mu 2015

0

Rwasa Agathon arongoye umugambwe FNL utemewe na Reta yoba ariwe mugabo abushitse kugira ibintu bihinduke mu Burundi guhera mu mwaka uza hamwe yotsinda amatora. Ivyo vyashikirijwe na Aimé Magera, umuvugizi wa Rwasa, mu kiganiro yahaye umumenyeshamakuru yigenga Jérôme Bigirimana akorera mu Bubirigi.

Kubwa Aimé Magera, uravye ingene ibintu bimeze, hakenewe ihinduka ry’abatwara Uburundi n’ingene butwarwa. Magera akabona ko Rwasa ariwe yobogora Uburundi. Uwo mumenyeshamakuru yamubajije namba umugambwe FNL na Rwasa barahindutse, ku buryo bokwiyumvamwo n’abantu bose igihe yoba iri ku butegetsi, cane cane ko hoba hakiriho abakibona FNL nka Palipehutu ya kera yanka abatutsi.
Magera yamwishuye ko ibihe vyahindutse, kandi na Palipehutu itarwanya abatutsi mu gihe cayo, ahubwo yanka uburyo Uburundi bwari butwawe, co kimwe no kuva mu mwaka w’2005. Magera ati : “Noneho, ubu Rwasa ni umunyepolitike abushitse, ntakirwana.”


Aimé Magera, umuvugizi w’umugambwe FNL, ishami rya Rwasa Agathon

Magera yongeye avuga ko umugambwe FNL wemera amasezerano y’i Arusha kandi ko kuva bavuye mw’ishamba, abahora barwana basubijwe mu buzima busanzwe, abandi baja mu nzego z’umutekano. Ku bwiwe rero, nta ngorane z’umubano bafitaniye n’abantu canke ubwoko kanaka. Magera yemeza ko FNL itagikorera ku vyiyumviro vy’amako, ahubwo akavuga ko uwo mugambwe ufise imigambi irashe yo guteza imbere abarundi n’Uburundi.

Ku kibazo kijanye n’ibimaze imisi bivugwa vyo gusubiza hamwe na Jacques Bigirimana arongoye irindi baba rya FNL ryemewe na Reta, Magera yavuze ko bitoroshe kuko uwo Jacques Bigirimana yegereye cane umugambwe CNDD FDD. Uko biri kwose, Magera aremeza ko batahevye kuvugana n’abo kwa Jacques Bigirimana.


Nyakubahwa ”Agathon Rwasa ” umukuru wumugambwe FNL

Ku kibazo c’ukumenya namba iryo hinduka umugambwe FNL wa Rwasa Agathon ukeneye rizoshoboka batari kumwe na ADC Ikibiri, Magera yishuye ati : Ntimwadutahuye neza. FNL ntiyigeze yikura ku runani ADC-Ikibiri, kandi ntabwo irota ibikora. Turacakorana neza amanama kandi tuvugana kenshi. Ahubwo FNL ya Rwasa yipfuza ko urunani ADC Ikibiri rukomera, rwaguka, noneho rukajamwo n’iyindi migambwi nka Uprona , Frodebu nyakuri n’iyindi.