Nyakubahwa ” Agathon Rwasa ” asanzwe arongoye umugambwe FNL avuga ko kuba sentare ntahinyuzwa yaraye imumenyesheje ko atarupapuro rwerekana ko adafise ibimukurikirana mu butungane ngo vyerekana neza ko umugambwe uri kubutegetsi yuko ufise ubwoba bwo gutsindwa.
Inkuru umunyamakuru wacu wa UBM News akora mu Burundi yatugejejeho, yatubwiye ko Agathon Rwasa yuko asanzwe afise abamuyoboka benshi cane bityo umugambwe uri kubutegetsi ngo nico gituma uguma ukora uko ushoboye kwose kugirango Agathon rwasa ntaze yitoze.
Mubushakashatsi twakoze twagerageje kurondera ico agathon rwasa we abivugako, aho mukiganiro yaduhaye yemeje neza ko nubwo bizogenda gute ngo azotegerezwa kwitaba amatora yo mu 2015
Agathon rwasa yagize ati : Ubu sentare ntahinyuzwa yaha mu Burundi yaraye imenyesheje ko ntazohabwa urupapuro rwerekana ko ntafise ibinkurikirana mu butungane , urwo narwo rukaba ruri mu bisabwa ku muntu ashaka kwitoza, Birerekana neza ko umugambwe uri kubutegetsi ( CNDD-FDD ) ko ufise ubwoba bwo gutsindwa , Nzotegerezwa kwitaba amatora mu 2015, inzira zose zishoboka zizofatwa.
Recent Comments