Agathon Rwasa ku kibanza ca kabiri mu barongozi b’inama nshingamateka y’Uburundi

0

Inyuma yaho ku musi wa mbere igenekerezo rya 27 mukakaro abashingamateka bashasha batowe mu matora yo mu kwezi kwa gatandatu bitabiye akamo k’umukuru w’igihugu, hakanabonekamwo Agathon Rwasa yamenyesha ko amatora yabaye atari amatora ahubwo ari inkinamico,uno musi niho hatorwa ibiro bizorongora iyo nama nshingamateka mu kiringo c’Imyaka itanu.

Muri ivyo biro bigizwe n’abantu batatu, umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’ivyegera vyiwe bibiri, Agathon Rwasa yasubiriye kandi aragarukamwo aho yabonetse mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ariwe Pascal Nyabenda asanzwe ari nawe atwara umugambwe CNDD FDD, bakaba bakurikirwa na Edouard Nduwimana yahoze ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

IMG_20150730_145130

umukururu w’inama nshingamateka Pascal Nyabenda yatowe ku majwi 101 ku 112 bari bahari, nayo icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka Agathon rwasa yatowe ku majwi 108 kuri  112, Edouard Nduwimana yatowe ku giti c’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka yatowe ku bice 88%.

Ivyo bikaba biriko biba mu gihe muri Ethiopie neza neza i Addis Abbeba hariko haba inama y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi aho hagiye gushingwa inama y’abarundi izoba ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha.

Muri iyo nama Aimee Magera yari yamenyeshejwe ko ariwe azoserukira Agathon Rwasa yamenyesheje ikinyamakuru Iwacu ko atatumiwe arico gituma atazoba ariyo.