Bunyoni yaciriwe igihano co gupfungwa ubuzima bwiwe bwose hamwe no gufata amatungo yiwe yose.
Abo mu bwoko bw’abatwa hamwe n’abakorerabushake nibo bagiye kuzohora bahabwa akazi k’ubwigisha imbere y’abandi (Martin Ninteretse)
Ariko akorora amosozi, Perezida Kim Jung-un wa Koreya ya Ruguru yinginze abagore bo mu gihugu ciwe kuvyara abana benshi.
Kayanza (Gatara): Abanyeshure bashika kuri 90 barwaye indwara y’amasambambwika.
Indwara ifise ibimenyetso nk’ivya Covid-19 irabangamiye abanya Bujumbura no mu ntara za ruguru.
Umurwi CENI ujejwe gutegura amatora uramutswa indongozi nshasha.
RWASA amenyesha ko ata mugambi wo gushinga uwundi mugambwe afise mu gihe hogera mu 2025 CNL itaremererwa gusubira gukora.
Perezida Nkurunziza ngo ntiyahitanywe n’indwara ahubwo yahawe isumu n’abanyamugambwe biwe (Bob Rugurika).
Bunyoni yagirijwe icaha co gukura Ubuntu mu kuba yarise «impene» Gevais Ndirakobuca yamusubiriye.
CNDD-FDD iriko ikora ibishoboka vyose kugira yihagire urubuga rwa politike maze izoseruke yonyene mu matora ya 2025-Bivurwa na Agathon RWASA.
RDC: M23 imenyesha ko igiye gusubira mu burere bwose yari yahaye ingabo za EAC inyuma yaho zitanguriye kugenda.
Inzandiko bita ‘tract’ zitirira umurwi w’abasirikare n’abapolisi bashaka impinduka mu Burundi zatowe ahatari hake mu gihugu.
Perezida Ndayishimiye arababazwa n’abarundi baba mu makungu bugaye inzira zose zinjiza amafaranga y’agaciro mu Burundi.
Indege ya Congo yarizanye ikiziga c’umusirikare w’uburundi hamwe n’abandi bakomeretse yarihenze mu kibanza irwiramwo.
Uwurongoye SOSUMO avuga ko bagiye kwikora kw’isukari yo mu bindi bihugu kuko umwimbu ari muke cane.
Uburundi burabandanya gusaba amadeni hagati mu gihugu yiyongera kuri miriyaridi 6000 busanzwe buheranye.
SOSUMO yahagaritse giturumbuka isekeza ryo guhingura isukari kubera ibikoresho bigeze aho umwansi ashaka.
Abasaba impapuro z’inzira muri PAFE bavuga ko atakwinyegeza mu kwakwa igiturire kugira bazironswe mu buryo bwihuta.
Abakinyi ba Handball 10 muri 13 bari baserukiye uburundi gukina muri Croatie baranyitse maze uburundi buca bukurwa mw’iryo higanwa.
Kenya: Abamaze gupfa kubera kwisonzesha maze ngo babonane na Yesu barenga 200.
Francine Niyonsaba asaba abarongoye CNO gutanga imihoho inyuma yo kutamushira ku rutonde rw’abazokwitabira jeux olympiques 2024.
Umunonotsi Thierry Ndikumwenayo ntagiserukiye kuva ubu uburundi agiye azoza aserukira igihugu ca Espagne mu mahiganwa mpuzamakungu.
Argentine niyo yatahukanye igikombe c’isi mu gutsinda ubufaransa ku mapenariti.
Abasirikare b’uburundi barenga 10 harimwo intwazangabo zibiri bariciwe mu ntambara zibahuza na M23 muri Congo.
Leta y’uburundi yoba igiye yaronka insiguro zifashe igituma iriko yifadikanya na Congo mu kurwanya M23 ?
Abasirikare b’uburundi barenga 700 bari muri Somaliya bagiye gutahukanwa mu ntumbero yo kugabanya izo nteko za ATMIS ziriyo.