Agathon Rwasa asaba reta gutunganiriza abanywanyi biwe bafunzwe

0

Mu kwibuka imyaka ibiri iheze umugambwe CNL urongowe na Rwasa Agathon, uwo mushingamateka yasavye reta ko abanywanyi biwe bakwiye kwubagirizwa.

Rwasa Agathon aravuga abanywanyi biwe barenga 100 bafunzwe kandi bataratungabirizwa.

Rwasa Agathon akaba asaba reta kwigisha abategetsi bo hasi kugira bigishwe bamenye gutwarira bose kandi ko ‘ata nyankamugayo n’imwe irota ihungabanya umutekano w’igihugu’.

Muri ivyo birori, Agathon Rwasa yavuze ibitari bike bijanye n’intwaro ibereye, maze ahimiriza umugambwe uri ku butegetsi ko wokwigenza nk’uwutwarira bose ata kuvangura.

Agathon Rwasa kandi yaragarutse ku bijanye n’amasezerano ya Arusha ko ariko arahonyangwa.

Ku bijanye n’amatora ya 2020, Rwasa Agathon yaremesheje abanywanyi biwe ‘kudacika intege maze bitegurire amatora azokurikira’ ni kuvuga ayo mu myaka ya 2025 ku bashingamateka hamwe naya 2027(ayumukuru w’igihugu).

Agathon Rwasa kandi yagarutse ku bijanye n’Ubumwe bw’Abarundi ko ‘buri ku karimi gusa’ kubera ko Abarundi batari bake baterekwa abo badasangiye imigambwe’.

Mwomenya ko ivyo birori vyitabwe n’abashitsi batumiwe nuwo mugambwe harimwo abaserukiye reta ya Ndayishimiye hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo hano mu Burundi.

Ivyo birori bikaba vyabereye mu gisagara ca Bujumbura, ahitwa Jardin Publique muri Zone Rohero.