UBM News ads

Agathon Rwasa arabangamiye umugambwe wa CNDD-FDD ! ico bamuhora ngiki hano

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

CNDD-FDD ni umugambwe umwe rudende wiharije ikibanza ca politique mu Burundi,
Ntiwemera uwundi mugambwe ufise inguvu ko ubaho!

Mwarabibonye kuri Palipe Hutu-FNL Iza kuba FNL nayo barayaka RWASA bayiha Jacques Bigirimana kuko yemeye kubayoboka,aho FNL iba irahambwe kuko Jacques nta ntambwe yateye!
RWASA aca Ararondera uwundi mu gambwe,CNL abanywanyi bose bamuja inyuma,mwarabonye 2020 uko abantu bamuyoboka bangana,basumba aba CNDD FDD ariko birangira bamwivye,kandi ibi biramenyerewe muri Afrika! Kubantu bafise ukwiyumvira kuri hafi ntibashobora gutahura ingene ubwo busuma bukorwa!

Iyi myaka naho CNDD FDD yarabonyeko ataco yamariye Abarundi,ntaco ifise yobwira Abarundi mu matora ya 2025 na 2027 kuko Abarundi bari mu buzima bubi cane,ibiciro vyaduze ku bintu vyose vya Nkenerwa,amafaranga yabaye Ibipapuro nkuko Ndayishimiye yabisezeranye,ukwiyunguruza ntibicoroheye Abarundi,kumvo z’igitoro,…nibindi vyose vya Nkenerwa ntavyo Abarundi bakironka!
Ubu rero iturufu CNDD-FDD isigaranye ni iyogutera ubwoba Abarundi gusa,kubumvisha ko atariyo itwara ko haca haba intambara,kuberekako bafise amahoro kubera CNDD FDD. Kandi ibi vyose si kuri,ni iturufu yo gusinziriza Abarundi gusa! Ntibakababeshe nta mukene agira amahoro,
Abarundi barayamaze ngo “:Munda harara inzara hakaramuka inzigo” umunya nzigo nta mahoro aba afise!!
CNDD FDD nayo ubwayo irabizi ko Abarundi bayirushe,nizo mpamvu yakoze ibishoboka vyose kugira RWASA ntaze ahonyoze ikirenge mumatora ya 2025 na 2027! Kuko ubu naho bomwivye ntivyokwitse!
Abanywanyi ba CNDD FDD nabo ubwabo bomutoye cane kugira babone impinduka,ivyo rero ba Reverien Ndikuriyo babiboneye hafi baca bakoresha inoti z’amakori y’Abarundi mu kwaka CNL ya Rwasa umurongozi wayo,bakabandikaho uwemeye kuja mu kwaha kwa CNDD FDD!kandi muraziko ibi Reverien yavyivugiye koe yarondeye Rwasa incuro nyenshi amwinginga kwiyunga na CNDD FDD ariko ataco yigeze amwishura!(Agasuzuguro kenshi Rwasa yasuzuguye Reverien,kandi ninavyo kuko ntaho bahuriye vraiment!)
Amafaranga y’Abarundi niyo akoreshwa mu kwima Abarundi ubuzima bwiza,kugira inyungu z’abategetsi ntizihungabane! Iyi niyo politique ya Africa!
Urya mugabo IGIRUKWISHAKA bahaye CNL muzoraba mumatora ni buri buri CNL yiwe izoba iya Gatatu naho nyene kubera hari Abarundi bazoba bacumvamwo RWASA,kuko ariwe fondateur wayo!
Ubundibwo CNL ya IGIRUKWISHAKA yobaye nka FNL ya Jacques Bigirimana!

Murabona ko system CNDD-FDD yakoresheje yo gusonzesha Abarundi no kubakenesha kugira babayoboke ko yageze no kubanye politique,umuntu ahawe amahera canke akemererwa akazi aca yemera guhemukira abo bagoranwe kugira arabe ingene yobeshaho umuryango! Ubukene rero mufise mu gihugu ni ubukene bwa politique,kandi ibi ababitahura ni bake cane!

Namwe mubirabishije amaso,ndizera ko mubibona ko harimwo ugushaka guke kwabanye politique mu kwishayura mu bukene Uburundi burimwo!!
Ivyo vyose mubona ngaho bitaboneka canke bidakwiye,abo banye politique babishatse vyoboneka,ariko kubera ko muri ukwo kubikena ariho bo bariko baratungira nico gituma ataco babikorako!!
Kuko bobo ntaco bibatwaye,amafaranga y’Abarundi naho aguma ata agaciro ntaco bibabwiye,bo batunze ama Dollars nama Euros ! Naho ikiro c’umuceri cogurwa 20.000fr ntaco bibatwaye kuko basumisha ayanyu,ayabo aguma akwiye!
Barundi mu buzima bw’Igihugu kirazira guzanamwo Fanatisme kuko abo mu fana ngo nuko musangiye imigambwe n’ibindi bazopfa barengane,ariko Uburundi bugumeho!
Bobo abana n’abuzukuru nabi bazoca bigira mu bufaransa n’ahandi, abiwawe nabo basazire mu gihugu washigikiye naka kucica!

Banye politique namwe naho mufata mugakenesha abanyagihugu kugira mwebwe mugume ku ngoma,kandi mugume mwitungisha mwenyene,muzopfa ivyo mwarunze mubisige kwisi!
Vyose ntakamaro kavyo kuko ni ubusa!!,uwogomba yosiga Izina ryiza kw’isi agakorera neza Abantu!
Naho mwoyarunda gute ntimuzoshikira MOBUTU,BUYOYA,MUGABE,…uyu musi barayasize kw’Isi!!

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments