Agathon Rwasa : abarundi isinzi bararambiwe nintwaro mbi ya CNDD-FDD kuko ataco imariye abarundi.

0

Agathon Rwasa umwe mubanyepolitike akomeye cane mu Burundi atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunza avuga ko ingorane zose acamwo ari ukugirango abarundi batwarwe neza.

Agathon-Rwasa-lors-de-linterview

Kubwiwe akaba avuga ko abarundi isinzi barambiwe nintwaro ya Petero Nkurunziza aho bakeneye ko ibintu binduka mu Burundi .

Agathon Rwasa avuga ati : Icotuzi uyu munsi, abarundi isinzi bararambiwe nintwaro ya CNDD-FDD ya Petero Nkurunziza kuko bashaka ko ibintu bihinduka , kandi ivyo bintu bihinduka ntibizanana muntwaro ya CNDD-FDD kuko ataco imariye abarundi, ingorane zose ncamwo ni ukugirango abarundi batwarwe neza, Nitwakora Politike yo kurondera amaronko igihugu ntikizokwigera gitera imbere, ntituriko rero turarondera amaronko kuko turiko turaronderera ineza abarundi hamwe n’abarundikazi.