Agathon Rwasa abanywanyi benshi babandanya bamusaba ko yohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu

0

Mu runani Amizero, abanywanyi batari bake babicishije ku babaserukira, kuva ejo bariko basaba Agathon Rwasa ko yohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu azoba ku wa kabiri italiki 21 Mukakaro 2015.

Benshi mubagize inzego z’urwo runani barashigikiye ico ciyumviro nk’uko tubibwirwa n’umwe mubegereye Rwasa.

Ariko we ubwiwe ntaco arabivugako. Mwomenyako atarasokora izina ryiwe ku rutonde rw’abitoza nk’uko bamwe mu batavuga rumwe na Leta nka Jean Minani, Domitien Ndayizeye hamwe na Sylvestre Ntibantunganya babikoze mu misi iheze.

SRC : Bonesha