Africa Y’Epfo: Abashingamateka batanye mu mitwe bari mu nama na Jacob Zuma!

0

Inama nshingamateka ya Africa y’Epfo ejo kuwa kane yaragiye mu muvurungano aho, aho abashingamateka batavuga rumwe n’ubutegetsibwa Jacob Zuma bwamwiyamirije buvuga ko ari “Umuntu mubi” kandi ko “yaboze gushika kwigufa”, nkuko tubikesha ikinyamakuru ABC News, bakaba bamwagiriza kurya ibiturire ham abaca batana mu mitwe n’abari bajejwe umutekano ngaho muri ico cumba cariko kiberamwo iyo nama hama abajejwe umutekano baca babata hanze.

Raba hano video y’uko vyagenze:

Ayo masanamu ateye isoni yaraciye kuri Televiziyo y’igihugu aho abadashigikiye ubutegetsi bariko bagerageza kubuza Jacob Zuma ko avuga ijambo mu nama shingamateka, baguma bamutuka ko atabereye kuba umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo.

Abashingamateka bariko batana mu mitwe

Bamaze gusohorwa, abashingamateka bagwanya ubutegetsi bo mu mugambwe wa Alliance Démocratique baciye baja mu myiyerekano.

Jacob Zuma aramazwe gusabwa mbere n’abo basangiye umugambwe gutanga imihoho.