UBM News ads

Abishe Ndadaye kuki Leta itabashengeza?-Léonce Ngendakumana

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyepolitike Léonce Ngendakumana atera akamo Leta y’uburundi kuva mu gacerere ishengeze abishe prezida Melchior Ndadaye bahanwe vy’akarorero.

Ntibitahuritse ingene Melchior Ndadaye yishwe nabi,CNDD-FDD ifata inzira y’umuheto ngo ihabuze démocratie,hama bashikiriye igihugu bibagira mwene wabo yapfuye urupfu rubabaje bikozwe n’abamwe bo muri uprona!ubwo CNDD-FDD ntiyariye ibiturire kugira ikingire abishe Ndadaye ?CNDD-FDD yakunze amaronko yibagira ico yarwaniye?birababaje!

Incungu ya démocratie Melchior Ndadaye haraheze imyaka 32 agandaguwe bunyamaswa,umugambwe Frodebu n’umuryango wiwe w’amaraso baritwaye n’ubu abamwishe ntibarashengezwa.

Umunyepolitike Léonce Ngendakumana yatwaye umugambwe Frodebu atera akamo leta y’uburundi kuva mu gacerere irimwo ishengeze abishe NDADAYE.

Léonce Ngendakumana agatangazwa n’inyifato ya leta y’uburundi iguma ikwega amaguru mu kudaca runo rubanza ariko akavuga ko babandanya kubaza leta.

Iki kibazo kirimwo ibinyegezwa vyinshi!Ndadaye yarishwe kandi hakwirikira ubwicanyi bwahitanye abahutu n’abatutsi batari bake.

Urwaruka rwinshi rwo mu bwoko bw’abahutu bahitamwo kuja mw’ishamba kurwanira igihugu bahabuze démocratie(CNDD-FDD)

Iyo CNDD-FDD bamaze gushikira igihugu ntibibutse bamwe babahekura ngo babacire urubanza,nuko baba bibagiwe mwene wabo.

none ubwo CNDD-FDD ntiyoba yarariye igiturire?nimba bimeze uko CNDD-FDD démocratie barwaniye ihagaze he?mbega umunyagihugu muto yoba agitunganirizwa uko yituye ubutungane.

CNDD-FDD baranzwe no gukunda amaronko bibahira icabajanye mw’ishamba kugeza aho bibagira n’incungu Melchior Ndadaye yishwe urwo agashinyaguro.ibi rero biza gutanga ishusho y’uburungane bw’ubjrundi aho bitigenga,burangwa n’ibiturire ntibutunganirize ababwituye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments