Abimukira Barenga 200 Basomye Nturi Mu Kiyaga Mediterane.

0

Nkuko Ishirahamwe Ryitaho Ivyimfashanyo muri Espanye ribimenyesha, abantu b’abimukira barenga 200 bashobora kuba bahasize ubuzima mu gusoma nturi mu kiyaga mediterane inyuma yaho ibiziga bitanu bitorewe ku nkengera y’ ikiyaga muri Libiya.

Nkuko iryo Shirahamwe ribivuga, ivyo biziga bitanu vy’abimukira vyatowe biriko bireremba hafi y’Ubwato bubiri bwari bwatwawe n’amazi, ubushobora gutwra abantu barenga 100 ari bumwe bwonyene.

Bikagaragara ko abo bantu batanu basanze bareremba ku mazi ari abakiri bato basomye nturi mu kiyaga.

Abimukira barashira ubuzima bwabo mu kaga bagerageza kuja i Buraya muri tuno twato

Umuvugizi w’Uburinzi bw’inkengera mu Butaliyano akaba yemeje ko abo bantu 5 batowe bapfuye.Umugwi ujewe kurokora ukorera ku nkengera wavuze ko ‘washoboye gutora gusa batanu bapfuye mu kiyaga….”ni ukuri ntaseswa kw’ingorane ziba hano muri Mediterane kutabonwa I Buraya”, niko uwo mugwi wabwiye BBC.

Igitigiri c’abimukira bagerageza kwinjira I Buraya bavuye muri Libiya baciye mu Butaliyano caraduze bukwi na bukwi uyu mwaka kuva aho hugariwe ibarabara ryaca hagati ya Turkiya n’Ubugiriki.

Ishirahamwe rijejwe abimukira kw’isi OIM rivuga ko abimukira barenga 20 000 bashitse mu Butaliyano uyu mwaka, hama abashika 559 bakaba bashobora kuba barapfuye canke barazimira.

Iki gitigiri ni kinini ugereranije na 19 000 bashitse mu Butaliyano hamwe na 350 baburiwe irengero ryabo mu ntango z’umwaka wa 2016.