UBM News ads

Abihereza udusarabwayi bigerere,turica-sammuel Ndayiragije

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abatari bake baribaza impamvu ikigo kijejwe gupima ubuziranenge BBN gitanga impusha ku bantu bagakora canke bakinjiza udusarabwayi twica abantu hama BBN igaca ivuga ko ingaruka mbi z’ubwo busarabwayi zitobazwa BBN.

Samuel Ndayiragiye arongoye BBN yemeza ko nyishi muri izo nzoga zica ariko bivanye nuko wazifashe,agasaba abavyihereza kwigerera.


Umuyobozi w’ikigo BBN kijejwe gupima ubuziranenge Samuel Ndayiragije yaraye agize Ico ashikirije kuri za nzoga z’ubusarabwayi zama zahekuye ubuzima bw’abazihereza aho amenyesha ko ingaruka mbi zoterwa n´izo nzoga zitobazwa BBN.

Uwo muyobozi akavuga ko ivyerekeye inzoga zihitana abantu ikigo BBN ata kosa n’uruhara BBN iba yabigizemwo.

Kubwa Samuel Ndayiragije,yemeza ko izo nzoga zica nivyo ariko bikavana n’uburyo wazifashemwo nk’abazinywa batariye,kunywa nyishi zirenze izo umubiri ukeneye no kuba abantu bataramenya kwigerera.

Samuel Ndayiragije agasaba abarundi nyabuna kwigerera nk’inzira imwe yo gukingira amagara yabo.

Kimwe rero muvyofasha kugabanya umurindi w’abihereza zino nzoga,ngo n’ukuduza ibiciro izo nzoga zinganye ibiciro n’izo mu karere hama bandikeko ko uwuyinywa wese yokwigerera maze bamenye ko izo nzoga zonona amagara y’abantu.

Abatari bake baribaza ingene izi nzoga zigaruka kwica amagara y’abantu kandi BBN yazemeje ko zikwije ubuziranenge.

ibi birerekana ko mu kigo BBN bashobora kuba barya ibiturire kugira bakwemerere batitayeho ivyo uje gukora mu gihugu mbere batanitayeho amagara y’abenegihugu.

Ibi akaba yaraye abishikirije ku musi w’ejo mu gihe ikigo BBN cari kiramutse gitanguza indwi yo kwerekana ivyo ikigo BBN gikora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments