Umuririmvyi yamamaye cane w’umurundi ndetse anakunzwe cane murino minsi bivanye n’ukuntu indirimbo aririmba zikundwa na benshi ” Willy Leonard NIYOMWUNGERE ” mu minsi ir’imbere agiye gutangura kuza arateramisha ibiteramo mu bihugu bitandukanye aho twovuga nko muri Europe.
Uno muririmvyi nkuko we yavyivugiye yavuze ko abantu baba muri Europe yuko basavye umwe mubasanzwe bafasha abaririmvyi gutegura ibiteramo ( Kiyoyo Juma ) ko yogerageza kujana uno muririmvyi kubateramisha naburya indirimbo ziwe basanzwe bazikunda ari benshi.
Leonard Niyomwunere yagize ati : Vuba ngiye kuremesha ibiteramo muri Europe! Bientôt 1er concert à Bruxelles. Kiyoyo Juma asanzwe atunganya ibiteramo vyabaririnvyi baturuka muri Africa nkaba Kidumu, ……niwe ari gutegura ivyo biteramo ngo kuko abantu benshi baba muri Europê bamusavye ko yonjana kubateramisha .Vous ne serez pas déçus!!! Remember ,haca haza yemwe Ikiganza !« when the hand has written no hand can rub»
Uno muririmvyi nyuma yo kuvuga ano majambo, ababibonye nabo bahise bipfuza ko yoza hano muri America hamwe no mu Burundi kuko ngo hose baramukeneye ndetse ngo barakunda ukuntu aririmba.
Aline Vyuka : Vyiza cane hama na USA turakeneye ko woduteramisha
Fabien Rurihafi : Uzoce ubandanya uza ino i Burundi ,indirimbo zawe zirakundwa cane
Recent Comments