Abatwara MOTOS, TAXIS, AMAKINGA hamwe na Tukutuku ngo ntiborohewe.

0

Inyuma yingingo ziheruka gufatwa na bapolisi hamwe nabasanzwe barongoye amashirahamwe yokunguruza ibintu n’abantu bakoresheje MOTO, TAXIS, AMAKINGA, HAMWE NA TUKUTUKU izongingo ngo zijekubasubiza mubukene tegera neza:

1432tuku

65

  • MOTOS zizoba zikora kuva isaha cumu nazibiri zigitondo (06h00) gushika isaha cumi nazibiri zumuhingamwo (18h00).
  • TAXIS zizoba zikora kuva isaha cumu nazibiri zigitondo (06h00) gushika isaha zitanu zijoro (23h00).
  • TUKUTUKU zizoba zikora kuva isaha cumu nazibiri zigitondo (06h00) gushika isaha imwe zijoro (19h00) Tuvuganye nabo basanzwe bungurza abantu n’ibintu batubwiye yuko izongingo zaje kubasubiza inyuma.
  • Tworangiza tubamenyesha yuko ngo abagendesha amakinga bo ngo ntajambo bagifise ngo kuko babahaye akanya urume rumara kuko bo batangura isaha cumi nazibiri (06h0) gushika isaha cumi nimwe zumugoroba (17h00) batubwiye yuko kuribo batabona ingene bobashira mukwaha ngo kuko akazi kabo nta gitora gasaba canke imotere ngo vyose biri kumaguru yabo. Barangiza bose hamwe basaba Reta ko yohindura izongingo bafatiwe.