Abatavuga rumwe n’ubutegetsi ntibacemera CENI kuko itagikwiye

0

Charles-Nditije1

Umurwi utegura amatora ngo ntugikwiye kandi ntugishoboye kurangura ibikorwa vyawo neza nico gituma badashobora kwitaba inama y’umurwi utabaho, ivyo vyashikirijwe na Nditije Charles ari mu runani amizero y’abarundi usanzwe utavuga rumwe n’ubutegetsi.

Ivyo yabishikirije mu gihe yarasanzwe ari mu batumiwe mu nama umurwi CENI wari watumiriye kuri uno musi wa mbere igenekerezo rya 9.

Mwokwibuka ko ubu umurwi CENI usigayemwo abantu batatu mu gihe ibwirizwa shingiro rivuga ko abawugize baba ari batanu.