Abatavuga rumwe na Leta ya Bujumbura ntibashaka kuja mu matora kubera izi mvo

0

Pascal-NyabendaUmugambwe CNDD FDD urasaba abanyeshure ngo basubire mu bigo basanzwe bigamwo kugira ivyirwa bisubire bitangure, ngo bemerewe ko umutekano wabo uzocungerwa n’ababijejwe. Ivyo uwo mugambwe CNDD FDD ukaba wabishikirije mw’itangazo ryasohotse kuri uyu wa kane igenekerezo rya 11/6.

Muri iryo tangazo umugambwe CNDD FDD uratunga agatoke abatavuga rumwe n’ubutegetsi kuba badashaka ko amatora aba mu gihe bahora bavuga ku maradio ko bashigikiye intwaro rusangi(Democratie). Uwo mugambwe ukabivuga wishimikije ko abatavuga rumwe n’ubutware bwa CNDD FDD batemera inzego za CENI zihari ubu, badashigikiye umuhuza mu biganiro biriko bibahuza n’ubutegetsi eka n’ukutemera ikirangaisi gishasha c’amatora.