Abatavuga Rumwe na Leta Bavuga ko ‘Abakuru b’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko Ari Bo Botatura Ikibazo c’Uburundi’

0

Abanyapolitike b’Uburundi bavuga ko Inama y’abakuru b’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko itegekanijwe kuba itariki 10/5/2017 ari akaryo ko gutuma ibiganiro bihuza abarundi bigenda neza kurusha kugira havemwo ivyungura bose.

Igihe haheruka kuba Inama Idasanzwe yabereye I Arusha ku biganiro bihuza abarundi yari ihagarariwe na Benjamin Mkapa, yamenyesheje ko yotumyeko Inama Rukokoma irimwo n’abakuru b’Ibihugu vya Afrika Y’ubuseruko kugira abamenyeshe ingorane zihanze uburundi zituma hataboneka amahoro arama.

Tatien Sibomana, uwuri mu mugambwe UPRONA utavuga rumwe n’Ubutegetsi, avuga ko abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ‘aribo boterera inyishu ikibazo gihanze uburundi’. “Abakuru b’Ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bategerezwa gufata ingingo zibereye kugira bahate umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD hamwe n’imigambwe iri mu kwaha kwawo kugira bitabire ibiganiro bidakumira”, niko Tatien Sibomana abandanya avuga.

Ku bwuyu munywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na leta, iyo nama rukokoma idasanzwe izoba itariki 10/05/2017, izoba ari akaryo ko gutangira Pierre Nkurunziza kugira ahagarike ivyo kwihutisha guhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi.

Tatien Sibomama abona ko ‘Abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko bazotuma ibwiriza-Shingiro ridahindurwa’

Sibomama avuga ko “Pierre Nkurunziza ariko apanga gushiraho umugwi ujejwe no guhindura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi”. Ku bwa Sibomana, ihindurwa ry’ibwirizwa Shingiro ryoba rije rikuraho Amasezerano y’I Arusha ayo havuyemwo Ibwiriza-Shingiro ry’Uburundi. Mu biganiro bihuza Abarundi biheruka kubera I Arusha, Umuhuza Mkapa yari yavuze ko uko ibintu vyifashe mu Burundi bitotuma Ibwiriza Shingiro rihinduka.

Abakuru b’Ibihugu vyo muri Afrika y’Ubuseruko bahamagarirwa gushiraho ikiringo ntarengwa ku biganiro bihuza abarundi co muri Ruheshi 2017 nkuko Umuhuza yari yabitanganje muri kigarama 2016 kugira ‘inyuma yico kiringo amakuba Abarundi bariko baracamwo azorangire’, Nkuko Sibomana abandanya abimenyesha.
Sibomana arizeye ko igihe Abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko boshira umukazo ku ntwaro y’I Bujumbura ko “ Pierre Nkurunziza azokwemera kwicarana n’abo batavuga rumwe kugira baganire. Nta yandi mahitamwo azoba afise”.
Jeremie Minani, ajejwe kumenyekanisha amakuru mu runani CNARED rutavuga rumwe n’Ubutegetsi amenyesha ati : “ Igihe abakuru b’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko bonanirwa no kugondoza Pierre Nkurunziza Kugira yitabe ibiganiro, imigwi yabagwanyi bitwaje inkoho izoca ikoresha inguvu za gisirikare”.