Abatari mu myiyerekano nabo barayishigikira mu bundi buryo

0

6423186-3x2-700x467

Guhera igenekerezo 26 ndamukiza abarundi batari bake bava mu mice itandukanye baragiye mw’ibarabara kugira biyamirize ikiringo ca gatatu ca petero nkurunziza. Abatari bake barafashwe barakubitwa bamwe muribo bagirwa ibimuga bandi baritaba Imana bamwe barashwe abandi batewe ama grenade, abatari bake nabo barakomeretse.

Naho biboneka ko hari abariko biyamiriza biraboneka neza ko hari n’abandi bataja mwibarabara ariko bakora ibishoboka vyose ngo ICO gikorwa kigenda neza. Aho nk’abafasha abari mwi barabara kugira baronke ivyo banywa nk’amazi, ivyo bafungura mu gihe bashonje eka n’abandi batari bake banyegeza abari muri iryo barabara mu gihe bariko baterwa ama grenade canke baraswa.

Mu makuru turonka nuko abatari bake mu bafasha abari mu myiyerekano batemera kwiyerekana mu gutinya ko bashobora kugirirwa nabi. S’abo gusa kuko bamwe bamwe bari mu makungu bashira uburyo bwabo mu gushigikira abo bari mu myiyerekano.