Abatari bake baje kwibuka Lt. Gn Adolphe nshimirimana aho bamugandaguriye

0

Inyuma y’indwi Adolphe agandaguwe abakunzi biwe bamwibutse mu gushira amashurwe ku kibanza bamugandaguriyemwo.
FB_IMG_1439157158545

Inyuma y’indwi imwe gusa Lt. Gn Adolphe Nshimirimana yitavye Imana abakunzi biwe batari bake uno musi bamwibutse mu gushira amashurwe mu kibanza bamugandaguriyemwo.

FB_IMG_1439157147062

Nkuko amashusho adushikira avyerekana kandi bikemezwa n’abari muri ico kibanza ngo bahuriye ku kabare bita Iwabo W’abantu bambaye impuzu zirabura zerwkana umubabaro bafise hamwe n’amafoto yiwe bamenyesha ko yari umuvyeyi wabo.

FB_IMG_1439157130227

Mwibuke ko Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mw’ijambo yashikirije abarundi kuri uwo musi w’igandagurwa ry’uwo mu General yasavye ko abakunzi b’uwo muntu batokwihora bogumya umutima, uno musi bakaba bahavuye banamenyesha ko uwo mu General abamwishe bamaze kumenyekana ariko ababatunye aribo bakiriko bahirwa.
FB_IMG_1439157153507