UBM News ads UBM News ads
Tuesday, June 18, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abatagira ivyangombwa basabwa kubirondera kare kuko amatora aregereje-Prosper Bazombanza

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza atera akamo abarundi bose cane cane urwaruka rudafise ikarata ndangamuntu kwihutira kuzirondera kugira basidukane n’iyonka mu kwitabira amatora meza ya 2025.Ibi yabishikirije ku mus iwa gatandatu igenekerezo rya 18 ndamukiza 2024 mu bikorwa rusangi vyabereye mu ntara ya Gitega.


Ku musi w’ejo kuwa gatandatu 18 ndamukiza 2024, icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza yarifatanije n’abanyagihugu bo mu ntara ya Gitega mu bikorwa rusangi vyo gusanura ishure notre Dame D’Afrique” risanzwe riri kumutumba Ntobwe.

Prosper Bazombanza yaboneyeho gutera akamo abarundi bose cane cane urwaruka rukwiza imyaka 18 n’iyirenga kurondera ama karata karangamuntu kugira bazoshobore kwitabira amatora yimirije ya 2025 ata numwe asigaye inyuma mbere abajejwe intwaro yabasavye kumenyesha abo barongoye ko kwitegurira amatora kugira hazogere kwiyandikisha bose bafise ivyangombwa maze bitabire amatora meza ya 2025.

Mu gihe yasigaye igihe gito ngo Abarundi binjire mubihe vy’amatora,Prosper Bazombanza asaba abanyagihugu kurikanura cane kugira ngo uwo wese yohungabanya amatora ntaronke aho amenera mbere bagasabwa gukorana n’abajejwe umutekano mu kudomako urutoki uwo wese bketseko ibimenyetso vyo guhungabanya umutekano w’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments