Abasoda b’Ubuyapani Bagiye Gukurwa Muri Sudani Y’Epfo

0

Umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe yamenyesheje ko leta arongoye igiye guhagarika ibikogwa vyo gufasha kubumbatira amahoro muri Sudani yo mu bumanuko mu mpera z’ukwezi kwa gatanu.

“Mu gihe Sudani yo mu bumanuko yinjiye mu bikogwa vyo gusanura ivyononywe n’ingwano, twasanze twohagarika gufasha mu bikogwa igisirikare c’igihugu SDF kirimwo muri Juba,” Shinzo Abe asubirwamwo n’ikinyamakuru Kyodo news agency.

Abasoda b’Ubuyapani bashitse ku kibuga c’indege muri sudani y’Epfo

Uwurongoye inama y’abashikiranganji Yoshihide Suga, yasiguye ko kuva muri Sudani yepfo bidatewe nuko umutekano wahungabanye mu karere inteko zabo zakoreramwo.

Shinzo Abe, Umushikiranganji wa mbere w’ubuyapani

Abasirikare b’Ubuyapani bashitse muri Sudani y’ubumanuko mu kwezi kwa cumi na rimwe 2016 baba aba mbere mu myaka 70 iheze, bagiye mu bikogwa vyo hanze bafise uburenganzira bwo gushobora guhangana n’umwansi bikenewe.

Sudani yo mu bumanuko yiyonkoye kuri Sudani mu 2011, imaze igihe itabagugwa n’ingwano kuva mu 2013.