UBM News ads UBM News ads
Saturday, June 22, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasirikare bapfunzwe bagirizwa kwanka kurwana n’umuhari M23 basaba kurekurwa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasirikare b’abarundi barenga 270 bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya rutana bagirizwa kwanka kurwana n’umuhari M23 basaba kurekurwa bagasubizwa kumirimo kuko bariko bararenganwa.N’inyuma yaho bagirijwe icaha co kugumukana ababatwara mu ntara ya kivu y’uburaruko muri Congo mu kwanka kurwana n’umuhari M23 icaha bobo bahakana.


Mw’ibohero rikuru rya rutana ahasanzwe hapfungiwe abasirikare b’abarundi bagirizwa kwanka kurwana n’umuhari M23 muri Congo,Abo basirikare barumvirijwe guhera kuri uyu wambere igenekerezo rya 27 na 28 rusama 2024 na sentare ya gisirikare aho muri iryo bohero rya Rutana.

Abo basirikare barabajijwe ku caha barerwa co kugumuka kandi babazwa impamvu bagarutse mu Burundi kandi ata mpapuro n’uruhusha bari bafise rubemerea kugaruka mu gihugu.Abasirikare nabo barabajije abacamanza ba sentare ya gisirikare uruhusha bari bafise mu kuja muri Congo kurwana n’umuhari m23 bakagenda batambaye umwambaro uranga igisirikare c’uburundi.

Kuri ico kibazo ubushikirizamanza bwa gisirikare bwabishuye ko mu kubarungika bakwirikije itegeko ry’ababakurira.ikindi abasirikare bashoboye gushikiriza nuko hari abasirikare batari bake barungitswe muri Congo kurwana n’umuhari M23 kandi ariho bari bagiheza inyigisho za gisirikare kandi ata n’ururimi rundi bazi kiretse ikirundi gusa ivyaheza bikabagora gukorana n’abasirikare ba Congo bambaye imyambaro imwe kurugamba ariko badashobora guhuza mu ndimi,ikindi nuko batari bamenyereye urugamba mbere bagatangazwa nuko bisanze mw’ibohero batazi uko bashikanyweyo.Abo basirikare bakaba basavye sentare ya gisirikare kurekurwa bagasubizwa ku mirimo

Ivyo biruko mu gihe abandi basirikare batari bake bagizwe imbohe n’umuhari M23 mu gihugu ca Congo batabaza amashirahamwe mpuzamakungu ko yobafasha gusubizwa mu Burundi bakaja kuraba imiryango yabo kuko bavuga ko Leta y’uburundi yabihakanye ikavuga ko ari abarwanyi b’umuhari Red-Tabara nkuko umukuru w’igihugu yabishikirije kw’igenekerezo rya 29 kigarama 2024 mu ntara ya Cankuzo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments