Abasirikare bahora muri Centrafrika basaba kuronswa imishahara y’amezi 9

0

Abasirikare b’amarundi bahora mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrica basaba kuronswa agahembo kabo k’amazi icenda, batararonswa.

Abo basirikare bavuga ko bababjije mu babarongoye inyishu babaha ari iyo uko barindira, ariko bakibaza nimba bazorindiria gushika ryari, mu gihe batabona inzira bocamwo kugira bishuze iyo mishahara yabo.

Abo basirikare bavuga ko batabona n’ingene bazokwishura amadeni basavye amabanki, mu gihe ibanki iguma iduza amafaranga bazoriha kuko bacerewe ku kiringo bari bihaye co kuriha ayo madeni y’amabanki.

Baba abo basirikare canke abo mu miryango yabo, basaba abarongozi b’igihugu c’Uburundi gukurikirana ikibaza cabo, kugira baronswe iyo mishahara mu maguru masha.