Abasirikare b’Abarundi muri Somaliya batewe

0

Abasirikare b’Abarundi bari mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro muri Somaliya batewe n’abarwanyi ba Al Shabab. Umusirikare umwe w’umurundi yakomeretse, n’imodoka yo mu bwoko bwa “Blindé” yarimwo irasha.

Abarwanyi ba Al Shahab bateze umutego ku modoka y’abasirikare b’Abarundi mu karere ka Mahaday kuri uwu w’Imana. Ico gitero gikurikiye ikindi cari cakozwe ku kirindir c’abasirikare b’Abarundi nyene, ahitwa Ceel Baraf, ariko akaba ata bahasize ubuzima.

bom

Amakuru ava aho muri Somaliya avuga ko umurwanyi umwe wa Al shebab mu bari bateye yafashwe hamwe n’ibirwanisho yari afise. Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi aremeza ay makuru, akamenyesha ariko ko ata bintu vyahononekariye.