Abasirikare b’Abarundi 15 birukanwe muri AMISOM

0

Bamwe mu basirikare b’Abarundi bari barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalia mu bikorwa vya AMISOM birukanwe, bakaba bazoshika i Bujumbura kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2017. Abo basirikare b’Abarundi bazize kunywa inzoga zitemewe n’amategeko.

Nk’uko tubikesha abandi basirikare b’Abarundi bari muri Somalia, abo birukanwe bahowe ko bigenjeje nabi, mu gufatwa banyoye inzoga itemewe n’amategeko izwi kw’izina rya « Umuraha ».

Abo basirikare 15 b’Abarundi birukanwe inyuma y’uwundi nawe nyene yaheruka kwirukanwa, yagirizwa ko yajanye imodoka yo mu bwoko bwa Ambulance « rusehabaniha » mu kibanza atavuganyemwo n’abamutwara.

Amakuru dukura aho muri Somalia amenyesha ko bagenzi b’uwo musikare bahatswe kumurasa, biketse ko iyo modoka « Ambulance » ari iy’abihevyi ba Al Shabab.